Abanya vermont batewe n'imvura nyinshi, umwuzure, gutembagara kw'imisozi, n'vyondo muri Nyakanga basigaje gushika isaha 4 z’ijoro z’ijoro ku wa mbere,25 Munyonyo kugira ngo biyandikishe mu gusaba imfashanyo ya Leta nkuru, hashobora kuba harimwo n'imfashanyo ya FEMA yo gusubiramwo amazu no gusubirizwa ibintu,
Ku myuzurire yabaye ku wa 9-11 Mukakaro, abanyagihugu baba mu ntara zatoranijwe za Addison, Caledonia, Chittenden, Essex, Lamoille, Orleans na Washington baremerewe kwiyandikisha gusaba imfashanyo. Ku myuzurire yabaye ku wa 29-31 Mukakaro, ababa mu ntara zatoranijwe za Caledonia, Essex na Orleans barashobora kwiyandikisha.
Abanya vermont batewe n'imvura yose ya Mukakaro bategerezwa gutanga ukwiyandikisha gutandukanye kuri buri mpanuka.
Abatewe n'iyi mpanuka batakaje canke ibintu vyabo vyononekaye bakwiye kwiyandikisha na FEMA naho baba badashobora kugereranya ivyononekaye canke bataramenya ingene ama sosiyete ya asiranse azobafasha. Kugira ngo bafatwe nk'abashobora guhabwa imfashanyo, abantu baba mu bice vyatewe bakeneye kwiyandikisha muri sisiteme imbere y’umusi wa nyuma.
Ngizi inzira zitatu zo kwiyandikisha:
- Kuri internet kuri DisasterAssistance.gov
- Hamagara umurongo wa FEMA wo gufasha kuri 1-800-621-3362. Iyi mirongo ya telephone irakora kuva isaha imwe y'igitondo gushika isaha zine z'ijoro (mu masaha y 'akarere kanyu), Imisi indwi ku ndwi. Imfashanyo iraboneka mu ndimi nyinshi. Niwaba ukoresha serivisi ya video relay (VRS), serivisi ya telephone ifise ivyanditswe canke ibindi, tanga inomero yawe kuri FEMA kuri iyo serivisi.Kugira urabe videwo yoroheye kuboneka yerekana ukuntu wosaba imfashanyo, ja kuri youtube.com/watch?v= WZGpWI2RCNw..
- Gushira muri telephone FEMA’s Mobile App
Abatiyandikishije gushika ku musi wa nyuma bakaba bagishaka kwiyandikisha bategerezwa gutanga impamvu z’igituma batevye. Impamvu zishobora kuba: icemezo c'uko umurwayi yari mu bitaro, indwara canke ubumuga bw'uwiyandikisha canke uwo mu muryango wiwe wa hafi; urupfu rw'uwo mu muryango wa hafi; canke ikimenyetso cerekana ko uwiyandikisha yari mu rugendo rw'akazi canke urw'ibintu vyiwe vyatumye adashobora kuba mu karere mu gihe cose co kwiyandikisha.