Press Releases

Search by Date
Enter date range to search between
Ikigo FEMA, gifadikanije n'intara ya Vermont, kiriko kirondera abakozi b’abanyagihugu bo muri iyo ntara mu ntumbero yo gufasha mu gusubirana inyuma y’imyuzure, ibihuhusi, gusiduka kw’imisozi n'ugusegenyuka kw’ivyondo vyabaye mu kwezi kwa Mukakaro.
illustration of page of paper
Ikigo kijejwe gukinga Ibiza kizotangura gukora kw'igenekerezo rya 4 Myandagaro i Springfield kugira gifashe abanyagihugu bo muri Vermont bagizweho ingaruka n'imyuzure gutangura kwisuganya. Ikigo gishinzwe gukinga ibiza gihurikiye hamwe (DRC), ikigo c'igihe gito cashinzwe mu bufatanye hagati ya Springfield, Reta ya Vermont n’Ikigo FEMA, rizofasha abarokotse gusaba imfashanyo y’Ikigega FEMA, kurungika inyandiko ku rubuga ngurukanabumenyi no kwishura ibibazo imbonankubone.
illustration of page of paper
Ikigo kijejewe gucunga ibiza (DRC) cugurura isaha zibiri zo mu gatondo (8h00 a.m) muri Barton mu micungararo ya Orleans kw’igenekerezo rya 3 ukwezi kwa Myandagaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure, bagafashwa guhangana n’inkurikizi zayo, Ikigo kijejwe gucunga ibiza (DRC), gihurikiye hamwe, ikigo cashyizweko mu kiringo gitoya ku bufatanye bw’imicungararo ya Barton, Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza (FEMA), bizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese.
illustration of page of paper
Ikigo kijejewe gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Plainfield kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure bagafashwa guhangana n’inkurikizi zavyo, Ikigo kijejwe gucunga Ibiza, gihurikiye hamwe, ikigo cashyizweko mu kiringo gitoya ku bufashanye bw’imicungararo ya Plainfield, Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, bizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese .
illustration of page of paper
Nimba inzu yawe yarononekaye kubera imyuzure iheruka gushika mu mucungararo wa Vermont ariko ushobora gukomeza kuyibamwo mu mutekano, Ikigo FEMA kirashobora gutanga gushika ku madorari ya Amerika 300 yo gufasha mu gukora isuku. Iyo mfashanyo ijanye n’isuku yo gufasha abafise amazu n'ababapanga amazu guhangana n’ingoga kwandukirwa bitewe n’amazi ahumanye y'umwuzure mu ntumbero yo kwirinda ibindi bintu vyokwononekara hamwe n'ibibazo vy’umutekano.
illustration of page of paper
Ikigo kijewe gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Londonderry kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont basinzikajwe n’imyuzurira bagafashwa guhangana n’inkurikizi zayo, Ikigo kijejwe gufasha, gihurikiye hamwe, ikigo cyashyizweho mu kiringo gitoya  ku bufashanye bw’imicungararo ya Londonderry,  Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, kizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe  no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese .
illustration of page of paper
Imfashanyo ya Reta ubu irahari kugira ngo ifashe abantu bo mu micungararo yiyongeraho wa Vermont kubera basizwe iheruheru n’imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2023 kandi ikaba ikibandanya.
illustration of page of paper
Imirwi ya FEMA y’ubufasha bw’abarokotse mu mpanuka bagiye guca kunzu kunzu mu miryango ya Vermont, barashobora kuzunguruka uburere bagafasha abahaba basinzikajwe n’imyuzure mu kwiyandikisha gusaba ubufasha bwa FEMA.
illustration of page of paper
Imfashanyo ya Reta ubu irahari kugira ngo ifashe abantu bafise amazu canke imitungo yabo vyononekaye kubera imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye mu micungararo indwi: Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham na Windsor.
illustration of page of paper
Ikigo cyo gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Barre isaha zibiri kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure bagafashwa guhangana n’inkurikizi zavyo, Ikigo kijejwe gucunga Ibiza, gihurikiye hamwe, ikigo cyashyizweho mu kiringo gitoya ku bufashanye bw’imicungararo ya Barre, Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, kizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese.
illustration of page of paper