Naho igihe ntarengwa co kwiyandikisha muri FEMA caheze kw'igenekerezo rya 25 Munyonyo ku bantu batewe n'imvura nyinshi yo muri Mukakaro, abakozi ba FEMA baracahari kugira bafashe abantu bo muri Vermont gusubiza ibibazo no kubafasha kuzuza impapuro zabo. Ikigo FEMA kiremeza ko abantu baguma babamenyesha amakuru yose, cane cane iyo bahindura aho baba canke bafise ibindi bintu bishasha bijanye n'impapuro bujuje.
Kugira uhindure impapuro wujuje canke uronke inyishu ku bibazo ufise, hamagara umurongo wa FEMA kuri 1-800-621-3362. Iyi mirongo y'amatelefone ikora kuva isaha imwe y'agatondo gushika isaha zine z'ijoro (mu gihe c'aho uba), imisi indwi mu ndwi. Imfashanyo iraboneka mu ndimi nyinshi. Niwaba ukoresha VRS (Video Relay Service), serivisi y'amatelefone yerekana amajambo canke izindi serivisi, tanga inomero yawe ya serivisi ukoresha kuri FEMA.
Abanyagihugu ba Vermont bari bafise uburenganzira bwo kwiyandikisha ku bwoko bubiri butandukanye bw'ibiza. Ubwa mbere bwabaye kuva italiki 9 gushika 11 Mukakaro mu ntara zagenywe za Addison, Caledonia, Chittenden, Essex, Lamoille, Orleans na Washington. Ubwa kabiri bwabaye kuva italiki 29 gushika 31 Mukakaro mu ntara zagenywe za Caledonia, Essex na Orleans.
Abanya vermont bahungabanywe n'imvura zose zibiri zo muri Mukakaro bategerezwa kuzuza impapuro zitandukanye kuri buri kiza.
Abatiyandikishije imbere y'igihe ntarengwa bakaba bacifuza kwiyandikisha bategerezwa gutanga impamvu yumvikana yerekana igituma batubahirije ico gihe. Mu mpamvu zishobora kwemererwa harimwo: icemezo c'uko yari mu bitaro, indwara, canke ubumuga bw'uwiyandikisha canke umwe mu muryango wiwe wa hafi; urupfu rw'umwe mu muryango; canke icemezo cerekana ingendo z'uwiyandikisha ubwiwe canke iz'akazi zatumye uwusaba ava mu karere mu gihe cose co gutanga impapuro.
Abakozi babinonosoye ba FEMA bashinzwe imfashanyo baracakurikirana abiyandikishije kugira bamenye ko baronse imfashanyo zose babemereye. Gushika ubu, mu bantu 2,282 biyandikishije ku biza vyo kuva italiki 9-11 Mukakaro, FEMA yakurikiranye 1,706 kandi yemeza iyindi miliyoni 1.4 y'amadolari. Ku biza vyo kuva italiki 29-31 Mukakaro, abakozi bamenyesheje abantu 245 mu bantu 313 biyandikishije bose kandi bemeza ayandi madolari 220,000.
Kugeza itariki 25 Munyonyo, abanya Vermont batewe n'umwuzure wo muri Mukakaro baronse imfashanyo zikurikira:
- Kuva itariki 9-11 Mukakaro, haremejwe amafaranga arenga miliyoni 9.1.
(SBA)
- Ku vyago vyabaye July 29-31, ama dollari arenga imiriyoni 1.2 yaremejwe.
- Amadolari 728,185 y’ubufasha bw’inzu
- Amadolari 477,183 y’ibindi vya nkenerwa
- Amadolari 31,200 Ku bijanye n'ingurane z'amafaranga zitangwa na Leta y'Amerika biciye muri SBA