Ibigo vyo gufasha mu vyago bizokwugara itariki 23 Munyonyo

Release Date Release Number
22
Release Date:
November 21, 2024

Ibigo vyo gufasha mu Vyago (DRC) biri ku Ngoro ya Komine ya Hinesburg (kw’ ibarabara rya 10632) na Lyndon Public Safety Facility (316 Main Street) bizokwugara burundu kw’isaha cumi na zibiri z'umugoroba (6 p.m.) ku wa gatandatu, itariki 23 Munyonyo. Amasaha y'ibikorwa y'ibigo gushika ico gihe ni kuva isaha zitatu z'agatondo (9 a.m.) gushika isaha cumin a zibiri z'umugoroba (6 p.m.). 

Ibi bigo vyari vyugururiwe abanyagihugu batewe n'imvura n'imyuzurira vyabaye kuva itariki 9 gushika 11 Mukakaro no kuva itariki 29 gushika 31 Mukakaro kandi bashaka kuvugana na FEMA n'abandi banonosoye ibijanye no gufasha abatewe n’ivyago imbonankubone.

Abanyagihugu ntibakeneye kuja mu kigo co gufasha mu vyago kugira ngo biyandikishe mu kuronka imfashanyo ya FEMA. Ubundi buryo bwo kwiyandikisha imbere y’ italiki ya nyuma ya Munyonyo 25, 2024 harimwo:

  • Kuri internet kuri DisasterAssistance.gov
  • FEMA mobile app 
  • Hamagara umurongo wa FEMA wo gufasha kuri 800-621-3362.ubufasha buraboneka mu ndimi nyinshi. Niwaba ukoresha serivisi ya video relay (VRS), serivisi ya telephone ifise vyanditswe canke izindi, tanga inomero yawe kuri FEMA kuri iyo serivisi igihe uhamagaye.Imirongo ya telephone ikora kuva isaha imwe y’ igitondo gushika isaha zitanu z’ijoro. Imisi indwi ku ndwi. 

Inyuma y'umunsi ntarengwa, abakozi ba FEMA babinonosoye bazobandanya kuboneka mu gufasha abiyandikishije. Abamaze kwiyandikisha kuri FEMA barashobora kubaza ibibazo, guhindura amakuru yo kubashikira n'ivyabo vyose kandi bagahabwa impanuro ku vyerekeye gusubiramwo ingingo za FEMA babahamagaye kuri telefone y'ubufasha.

Tags:
Last updated