. na Vermont barakozweko bikomeye n'ibihe vy'ihindagurika ry'ikirere vyabye guhera muri Mukakaro gushika muri Munyonyo italiki 25, 2024, amadosiye azobandanya yakirwa kigo ca leta kijejwe gukinga impanuka n'ibiza FEMA .
Ku wa 9-11 Mukakaro, ikiringo congeweko kuva kw'igenekerezo rya 21 Gitugutu gushika ku wa 25 Munyonyo ku bantu n'imiryango yo mu gisagara ca Addison, Caledonia, Chittenden, Essex, Lamoille, Orleans na Washington.
Ku wa 29-31 Mukakaro ku bijanye n'ivyashitse, itariki ntarengwa iracari ku wa 25 Munyonyo ku bantu n'imiryango yo mu bihugu vya Caledonia, Essex na Orleans vyashikiwe n'ivyago.
Mu gihe mwahuye n'ingaruka z'ibihuhusi bikomeye, imyuzurira, imisozi ikabagwako, ibishanga bikabarengera, mutegerezwa kubimenyeshahakiri kare bishoboka. Abanyagihugu bo muri Vermont bahuye n'igorane zosez'ibihuhusi vyo muri Mukakaro basabwe kumenyesha ivyabashikiye kimwe kimwe cose ukwaco.
FEMA irashobora gufasha mu bijanye n'uburaro bw'igihe gito, inzu yo gusanura inzu, amabarabara n'ibiraro bwite vy'abantu, hamwe n'ibindi bikenewe bijanye n'ibiza - hamwe n'uko unyaruka gukoresha, ni ko ushobora kuronka imfashanyo vuba.
Hari uburyo bushika kuri bune bwo gusaba:
- Ja ku rubuga:DisasterAssistance.gov.
- Hamagara FEMA kuri 800-621-3362.
- Dawunirodinga apurikasiyo yo muri terefone ya FEMA.
- Sura ikigo kijejwe gutunganya ivyangijwe n'ibiza. Kugira umenye ahantu ahantu n'amasaha, raba kuri fema.gov/drc.