Ibigo vyo gufasha abatewe n' imvura n' umwuzure vyabaye kuva kw' igenekerezo rya 11-13 Mukakaro na 29-31 Mukakaro bizugara ku musi w' amatora, ku wa kabiri, Munyonyo 5.
Ibi bigo biri mu nyubako ya Newport Municipal (222 Main St) no mu nyubako ya Lyndon Public Safety (316 Main St).
Kubera ko ikigo kiri mw'ibiro vy'umurwa wa Hinesburg (10632 Route 116) kizokoreshwa nk'ahantu h'amatora, kizoba cugaye kuva ku wa mbere, Munyonyo 4 gushika ku wa gatatu, Munyonyo 6.
Ibigo vya DRC vya Newport na Lyndon bizokwugurura ku wa gatatu, Munyonyo 6, isaha zitatu z'igitondo.
Ikigo ca DRC c'i Hinesburg kizokwugurura ku wa kane, Munyonyo 7, isaha zitatu z'igitondo.
Amasaha y'ibikorwa y'ibigo vyose vya DRC ni kuva isaha zitatu z'igitondo gushika isaha cumi n'imwe z'umugoroba, kuva ku wa mbere gushika ku wa gatandatu.
Abatewe n'umwuzure ntibakeneye kuja mu kigo co gufasha mu vyago kugira ngo basabe canke baronke imfashanyo ya FEMA. Umunsi wa nyuma wo kwiyandikisha ni Munyonyo 25, 2024.
Hariho uburyo butatu bwo kwiyandikisha:
- Kuri internet kuri DisasterAssistance.gov
- FEMA mobile app
- Hamagara umurongo wa FEMA wo gufasha kuri 1-800-621-3362. Iyi mirongo y'iterefone irakora kuva isaha imwe y'igitondo gushika isaha zine z'ijoro (mu gihe c'akarere kanyu), imisi indwi mu ndwi. Imfashanyo iraboneka mu ndimi nyinshi. Niwaba ukoresha serivisi ya video relay (VRS), serivisi ya telephone ifise vyanditswe canke izindi, tanga inomero yawe kuri FEMA kuri iyo serivisi.
Kugira urabe videwo yoroheye kuboneka yerekana ukuntu wasaba imfashanyo, ja kuri youtube.com/watch?v= WZGpWI2RCNw.