Nimba inzu yawe yarononekaye kubera imyuzure iheruka gushika mu mucungararo wa Vermont ariko ushobora gukomeza kuyibamwo mu mutekano, Ikigo FEMA kirashobora gutanga gushika ku madorari ya Amerika 300 yo gufasha mu gukora isuku. Iyo mfashanyo ijanye n’isuku yo gufasha abafise amazu n'ababapanga amazu guhangana n’ingoga kwandukirwa bitewe n’amazi ahumanye y'umwuzure mu ntumbero yo kwirinda ibindi bintu vyokwononekara hamwe n'ibibazo vy’umutekano.
Urashobora kwemeregwa kubona infashanyo zijanye n’isuku nimba:
- Uba mu micungararo ya Caledoniya, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham canke Windsor.
- Hashingiwe ku isuzuma ry’Ikigo FEMA, inzu yawe irafise ivyononekaye; canke, nimba upanga, inyandiko y’isuzuma y’ibikogwa bitegekanijwe gusukugwa irakenewe canke yaramaze gukogwa.
- Niwaba umaze gusukura, bika icemezo cy'ubwishu wishuye ikintu cose, ibikoresho canke ubufasha burihwa.
- Ivyononekaye ntibirihwa n’ubwishingizi bwawe.
- Ikigo FEMA carafashe ingingo y’uko inzu yawe naho yononekaye kubera ibiza ata mpungenge kuba wayibamwo.
Kurondera inama z’ico wokora nimba inzu yawe ifise ifira, ja ku rubuga ngurukanabumenyi kuri fema.gov/fact-sheet/mold-problems-and-solutions.
Kwiyandikisha kubufasha bw’Ikigo FEMA, ja kuri DisasterAssistance.gov , shiramwo porogaramu ya FEMA canke uhamagare 1-800-621-3362. Niwaba ukoresha serevise yerekana amasanamu (VRS), Serevise ya Telefone yo kwandika ubutumwa canke izindi, ha ishirahamwe rishinzwe imicungire y'ibiza (FEMA) inomero yawe ijanye n’iyo serevise mu gihe usaba.
FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ikigo FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.