Umucungararo wa Orleans ubu wemerewe gufashwa n’Ikigo gishinzwe gucunga ibiza FEMA

Release Date Release Number
011
Release Date:
July 27, 2023

Imfashanyo ya Reta ubu irahari kugira ngo ifashe abantu bo mu micungararo yiyongeraho wa Vermont kubera basizwe iheruheru n’imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2023 kandi ikaba ikibandanya.

Abantu baba mu mucungararo wa Orleans bafise amazu canke imitungo yabo vyononekaye barashobora gusaba imfashanyo igenewe abasizwe iheruheru n'ibiza butangwa n'Ishirahamwe ( FEMA). Indi micungararo ishobora kongerwako mu gihe gikurikira iyo bisabwe na Reta kandi vyemejwe n'ivyaharuwe canke ibyavuye mu bundi bushakashatsi bw'ivyononekaye.

Umucungararo wa Orleans wiyongereye ku yindi micungararo itandatu yamaze kwemererwa imfashanyo:  Chittenden, Lamoille, Orange, Rutland, Washington, Windham na Windsor.

Ubufasha bushobora kuba bukubiyemwo ubufasha bw'amazu yo kubamwo mu gihe gitoya no gusanasana amazu, ingurane zunguka make make zo kwishura igihombo c'umutungo udafise ubwishingizi, n'izindi ntumbero zifasha abantu naba nyene urudandazwa kuriha ivyonenwe n'ibiza.

Mugihe ukeneye gufashwa, mwobarize kuri Telefone y'ikigo FEMA kuri 800-621-3362 guhera saa moya zo mu gatondo na 11h00; Ja ku murongo wa interenete kuri DisasterAssistance.gov;  canke manura iporogarama y'ikigo FEMA. Niwaba ukoresha serevise yerekana amasanamu (VRS), Serevise ya Telefone yo kwandika ubutumwa canke izi, ha ishirahamwe rishinzwe imicungire y'ibiza (FEMA) inomero yawe ijanye n’iyo serevise mu gihe usaba.

Kuraba amakuru agezweho raba fema.gov/disaster/4720. Kurikira urukuta rwa twitter rwa FEMA Region 1 kuri twitter.com/FEMARegion1 ,  canke paji ya Facebook kuri  facebook.com/FEMA.

Kuraba  amakuru agezweho y’Ikigo gishinzwe gucunga Ibiza cya Vermont ja kuri Twitter kuri twitter.com/ vemt no kuri Facebook kuri facebook.com/vermontemergencymanagement

FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ikigo FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.

Tags:
Last updated