WILLISTON, Vt. – Nimba utakigira amazi kubera iriba ry'abantu ku giti cabo canke uburyo bwo kuyobora amazi mabi mu vyobo vyononekaye , canke nimba uburyo bwa HVAC bwo kwinjiza ubushuhe canke ubukanye munzu vyononekaye kubera umwuzure uherutse kubera mu micungararo ya Caledoniya, Chittenden, Lamoille, Orange, Rutland, Washington, Windham na Windsor, ushobora kwemererwa gufashwa n’Ishirahamwe FEMA.
Ku vyerekeye amariba y’abantu ku giti cabo, uburyo bwa HVAC bwo kwinjiza ubushuhe canke ubukanye munzu, n'uburyo bwo kurungika amazi mabi mu vyobo vyategekanijwe,Ishirahamwe FEMA rirashobora kugusubiza amahera wakoresheje wishura umutekenisiye yabigize umwuga, yemewe igihe yaje muhira iwawe agategura ibiri ngombwa gusanurwa canke gusubirizwa ivyasinzikajwe n'ibiza.
Ishirahamwe FEMA rirashobora kandi kwishura ikiguzi nyaco co gusanurwa canke gusubiriza uburyo bwo kurungika amazi mabi mu vyobo vyabiteganirijwe canke iriba ry'abantu kugiti cabo bidafise ubwisungane.
Nimba warasavye gufashwa n’Ishirahamwe FEMA uzotumwako kugirango habeho isuzuma ryo muhira, akura inomero ishinzwe gutanga abufasha y'Ishirahamwe FEMA, kuri 1-800-621-3362 nimba utarigeze uhamagarwa kandi hashize iminsi irenga 7_10. Mu gihe co gusuzumwa, menyesha umugenzuzi w'Ishirahamwe FEMA ko ufise iriba ryawe ku giti cawe canke uburyo bwo kurungika amazi mabi mu vyobo vyabitegekanirijwe bishobora kuba vyarononekaye, nimba ivyononekaye vyemejwe ko vyatewe n'umwuzure , urashobora kwemererwa gufashwa n’Ishirahamwe FEMA.
Nimba waramaze gukorerwa isuzuma no kwononekara kw'iriba canke uburyo bwo kurungika amazi mu vyobo vyategakanijwe bikaba bitaragaragajwe, wokwakura umurongo w'ubufasha w'Ishirahamwe FEMA kugirango ubahe amakuru nyezina yerekeye ivyawe vyononekaye . Usabwe kubika inyandiko z'umushingwabikorwa, ibigereranyo hamwe n'ibimenyetso vy’uko warishe. Urashobora kwifashisha ibaruwa y'icemezo c'Ishirahamwe FEMA wakiriye ikubiyemwo ibindi bisobanuro canke amabwiriza yo kujurira nimba hari icemezo camaze gufatwa
Kwiyandikisha kugirango ubone k’ubufasha bw'Ishirahamwe FEMA, wokwakura umurongo utangirwako ubufasha w'Ishirahamwe FEMA kuri 1-800-621-3362, ja ku murongo wa interenete uciye ngaha DisasterAssistance.gov canke ushiremwo porogaramu y'Ishirahamwe FEMA. Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS) ,serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ishirahamwe FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uriko urasaba.
Nimba uba mumicungararo utaganewe ubufasha knd ufise ivyononekaye, urashobora kwakura kuri nomero y'ubufasha y'Ishirahamwe FEMA kuri 1-800-621-3362 mu rwego rwo gusaba ubufasha kandi igihe umucungararo utuyemwo ushizwe mu yemerewe ubufasha, gusaba kwawe kuzotangura gutunganirizwa.
FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.