Inyuma y'icago, ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n'imfashanyo y'igihugu y'ibiza akenshi birashobora kubuza abarokotse iciza gusaba imfashanyo. Habwa ivyabona biri hepfo unamenye vyinshi vy'ukuri bijanye n'ubufasha buri muri Vermont buhabwa abangirijwe n'ihindagurika ry'ibihe. Inama nziza: saba, naho woba utazi neza ko wemererwa.
FEMA riherutse gusubiramwo umugambi wayo wo gufasha abashikiwe n'ibiza mu gufasha abarokotse kumererwa neza vuba. Ayo mavugurura ajanye n'ibiza vyashikiwe n'ivyago vyatangajwe ku wa 22 Ntwarante 2024 canke inyuma yaho.
Ikinyoma: FEMA ntizotanga indishi y'amahera ku mu mazu asanzwe yarononekaye.
UKURI: Nimba uri nyene inzu kandi ukaba uyibamwo mu gihe c'icago, urashobora kwemererwa kuronka amahera yo gusanasana inzu yawe, gufasha mu bikorwa vy'umuyagankuba n'ibikoresho vya nkenerwa, canke kugufasha gusubirira inzu yawe y'intango igihe inzu yangiritse cane. Ayo mahera arashobora kandi gufasha mu gutunganya ikibazo c'inzu yawe yononekajwe n'ico ciza, naho hoba hari ikibazo gisanzweko muri ico gice c'inzu.
Ikinyoma: FEMA ntitanga imfashanyo yo kubaka inzu ku barokotse ibiza.
UKURI: Imfashanyo ya FEMA yo kukuronkera indaro nshasha irashobora kugufasha ako kanya kuronka aho ucumbika mu gihe udashobora gusubira mu nzu yawe kubera ibiza. Ayo mahera arashobora gukoreshwa mu kwigumiza mw'ihoteli, ari kumwe n'umuryango n'abagenzi, canke mu bundi buryo, mu gihe urondera inzu yo gukodesha.
Ikinyoma: Hamwe noba mfise ubwishingizi, FEMA ntaco izomfasha.
UKURI: Iyo uronse amahera y'ubwishingizi atishura ivyononekaye ku nzu yawe canke itunga, urashobora kuba ugifise uburenganzira bwo kuronka amahera ya FEMA.
Zirikana ko, ubufasha bwa FEMA si ubwo gusubirira inzu, ubukode canke ubwishingizi bw'umwuzure, kandi ntibuzokwushura ivyononekaye vyose.
Ikinyoma: Ntegerezwa gusaba inguzanyo y'ikigo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kijejwe urudandazwa rw'ibidandazwa bito (SBA) imbere yo guhabwa imfashanyo.
UKURI: Ubu urafise ubuRYO bwo gusaba inguzanyo ku nyungu ntoyi muri SBA mu mwanya umwe unasaba imfashanyo ya FEMA.
Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n'uburyo bwo gusaba imfashanyo y'umuntu buvuguruye, raba Kuvugurura ubufasha bw'umuntu.
Ikinyoma: Ndategerezwa kwandika ikete ryo gusaba ko icemezo ca FEMA cohinduka.
UKURI: Iyo utumvikana n'icemezo ca FEMA kandi ukaba ushaka kwunguruza, ntuzosubira gutanga ikete ry'ubujurire ryanditse kandi ririko umukono kugira bijane n'ivyandiko zishigikira. Urashobora kwunguruza ku cemezo ico ari co cose canke impembo mu kurungika impapuro zerekana ko ukwije ibisabwa kandi ukeneye imfashanyo nyinshi, nk'ibitigiri vyo gusanura, ivyapakiwe, amafagitiri n'ibindi. Ikete ryose waronse rivuye muri FEMA risigura ubwoko bw'inyandiko zishobora kugufasha kwunguruza umwanzuro wa FEMA canke gutanga intererano kuri ubwo bwoko bw'imfashanyo. Ku yandi makuru ajanye n'uburyo bwo kwunguruza, ruba: Uburyo bwo kwunguruza ku mwanzuro wa FEMA | FEMA.gov
Ikinyoma: Guhamagara 211 ako kanya mba niyandikisheje ku mfashanyo ya FEMA.
UKURI: Ubusabe bwa FEMA ntibuhujwe na 211. Niwaba ufise icononekye, utegerezwa kubimenyesha kuri 211 HAMA ugasaba imfashanyo ya FEMA.
Mu kurondera imfashanyo ya FEMA, sura kimwe mu bigo vyacu vyo gufasha abashikiwe n'ivyago - aho bikorera n'amasaha biraboneka kuri fema.gov/drc. Urashobora kandi gusaba kuri interineti kuri DisasterAssistance.gov, kura kuri interineti App ya FEMA canke uhamagare kuri 800-621-3362. Nimba ukoresha seruvise rusangi nka seruvise rusangi (VRS), iterefone canke izindi, nuhe FEMA inomero yawe kuri iyo seruvise igihe usavye.
211 ikoreshwa na United Way yo muri Vermont. Ihuza abahamagara bashaka seruvizi zijanye n'amagara y'abantu, akazi, ibifungurwa n'izindi seruvisi za rusangi. Mu gihe abahamagara bashikirije ivyononekaye, 211 barabimenyesha leta, ivyo bikaba bifasha leta kohereza abakozi aho bakeneye kuja.