Abantu basanzwe baba mu micungararo ya Kaledoniya na Orange ubu bemerewe gufashwa n’Ikigo gishinzwe gucunga Ibiza (FEMA)

Release Date Release Number
005
Release Date:
July 22, 2023

WILLISTON, Vt. – Imfashanyo ya Leta ubu irahari kugira ngo ifashe abantu bo mu micungararo uko ari ibiri yiyongerako y'intara ya Vermont kubera imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2023 kandi ikaba ikibandanya.

Abantu baba mu duce twa Caledoniya na Orange bafise amazu canke imitungo yabo vyononekaye bashobora gusaba ubufasha bugenewe abahuye n'ibiza butangwa n'Ikigo gishinzwe imicungire y'ibiza( FEMA). Utundi duce dushobora kongerwako mu gihe gikurikira iyo bisabwe na Leta kandi vyemejwe n'ivyavuye mu bushakashatsi bw'ivyononekaye.

Iyi micungararo yose yiyongereye ku yindi micungararo itandatu yamaze guhabwa ubufasha buhabwa abasizwe iheruheru n'ibiza:  Chittenden, Lamoille, Rutland, Washington, Windham na Windsor.

Ubufasha bushobora kuba bukubiyemwo ubufasha bw'amazu yo kubamwo mugihe gitoya no gusanasana amazu, ingurane zunguka make make zo kwishura igihombo c'umutungo udafise ubwishingizi, n'izindi ntumbero zifasha abantu naba nyene urudandazwa kuriha ivyonenwe n'ibiza.

Mugihe ukeneye gufashwa, mwobarize kuri Telefone y'ikigo FEMA kuri 800-621-3362 guhera saa moya zo mu gatondo na 11h00; Ja ku murongo wa interenete kuri DisasterAssistance.gov; canke manura iporogarama y'ishiramwe FEMA. Niwaba ukoresha serevise yerekana amasanamu (VRS), Serevise ya Telefone yo kwandika ubutumwa canke  izi, ha ishirahamwe rishinzwe imicungire y'ibiza (FEMA) inomero yawe ijanye n’iyo serevise mu gihe usaba. 

Kureba amakuru agezweho yerekeye imfashanyo yagenewe Intarara ya vermont, raba fema.gov/disaster/4720. Kurikira urukuta rwa twitter rwa FEMA  Region 1 kuri twitter.com/FEMARegion1, paji ya Facebook kuri  facebook.com/FEMA , canke ikigo gishinzwe gucunga Ibiza cya Vermont kuri Twitter kuri twitter.com/ vemt no kuri Facebook kuri facebook.com/vermontemergencymanagement. 

Tags:
Last updated