Ikigo ca FEMA kijejwe gukinga ibiza caruguruwe mu micungararo ya Windsor

Release Date Release Number
016
Release Date:
August 4, 2023

Ikigo kijejwe gukinga Ibiza kizotangura gukora kw'igenekerezo rya 4 Myandagaro i Springfield kugira gifashe abanyagihugu bo muri Vermont bagizweho ingaruka n'imyuzure gutangura kwisuganya. Ikigo gishinzwe gukinga ibiza gihurikiye hamwe (DRC), ikigo c'igihe gito cashinzwe mu bufatanye hagati ya Springfield, Reta ya Vermont n’Ikigo FEMA, rizofasha abarokotse gusaba imfashanyo y’Ikigega FEMA, kurungika inyandiko ku rubuga ngurukanabumenyi no kwishura ibibazo imbonankubone.

Ikigo c'i Springfield kiri kuri:

Springfield Health Center
100 River Street
Springfield, VT 05156

Ibigo vyamaze kwugururwa kuri:

Waterbury Armory
294 Armory Drive
Waterbury, VT 05676

ASA Bloomer Building
88 Merchants Row, Suite 330
Rutland, VT 05701

Barre Auditorium
16 Auditorium Hill
Barre, VT 05641

Flood Brook School
91 VT-11
Londonderry, VT 05148

Twinfield Union School
106 Nasmith Brook Road
Plainfield, VT 05667

Barton Memorial Building
17 Village Square 
Barton, VT 05822

Vyose vyugururwa imisi indwi ku ndwi, kuva isaha zibiri zo mu gitondo gushika isaha imwe z’ijoro (8 a.m. -7 p.m.)

Ivyo bigo vyose birashobora gushikirwa n’abantu bafise ubumuga n'ivyo bakeneye, kandi birafise ibikoresho vy'ubuhinga bwo gufasha. Nimba ukeneye ubundi bufasha canke umusobanuzi w'ururimi rw'ibimenyetso, turagusavye uhamagare 1-833-285-7448 (kugirango uronke igisupanyoli, fyonda 2).

Abaserukizi bavuye m’ubuhagarikizi bw’urudandaza rutoruto bwa Amerika nabo nyene bazoba bari muri co kigo basigura ukuntu basaba ingurane igenewe abasinzikajwe n’ibiza yunguka inyungu nto ya SBA kubasanzwe bafise inzu zabo, abapanze amazu,abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu, no gutanga insiguro zijanye no kwubaka gushasha kugira ngo inyubakwa zirushirize kurinda cane ibiza.

Ntibikenewe kwirigwa uraja ku kigo kijejwe gucunga ibiza kugira ngo urungike gusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA. Kurungika gusaba ubufasha utiriwe uraja ku kigo kibijejwe, terefona kuri 800-621-3362, ja ku rubuga ngurukana bumenyi kuri DisasterAssistance.gov; canke shiramwo porogarama y'Ikigo FEMA . Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS), serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uriko urasaba.

 

FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.

Tags:
Last updated