WILLISTON, Vt. – Ikigo kijejewe gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Plainfield kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure bagafashwa guhangana n’inkurikizi zavyo, Ikigo kijejwe gucunga Ibiza, gihurikiye hamwe, ikigo cashyizweko mu kiringo gitoya ku bufashanye bw’imicungararo ya Plainfield, Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, bizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese .
Ikigo ca Plainfield kiri:
Twinfield Union School
106 Nasmith Brook Road
Plainfield, VT 05667
Ibigo vyamaze gutangura kuri:
Waterbury Armory
294 Armory Drive
Waterbury, VT 05676
ASA Bloomer Building
88 Merchants Row, Suite 330
Rutland, VT 05701
Barre Auditorium
16 Auditorium Hill
Barre, VT 05641
Flood Brook School
91 VT-11
Londonderry, VT 05148
Ibigo vyose bikora iminsi 7 igize indwi: kuva isaha zibiri z’agatondo (8h00) gushika isaha imwe z’ijoro (7.00).
Ibigo vyose birashobora gushikirwa n’abantu bafise ubumuga n’ibindi vya nkenerwa kugira ngo bashobore kugera ku rugero rwo gukora akazi kandi bahabwa ibikoresho biteye imbere mu vy’ubuhinga bwa none. Nimba ukeneye ibikoresho bifasha gukora akazi canke ukeneye umusiguzi w’ururimi hakoreshejwe ibimenyetso ushobora guhamagara kuri telefone 1-833-285-7448 (fyonda 2 ku rurimi rw’iki Esupanye).
Abaserukizi bavuye m’ubuhagarikizi bw’urudandaza rutoruto bwa Amerika nabo nyene bazoba bari muri co cigo basigura ukuntu basaba amadeni yunguka inyungu nto ya SBA kubasanzwe bafise inzu zabo, abapanze amazu,abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu, no gutanga insiguro zijanye no kwubaka gushasha kugira ngo inyubakwa zirushirize kurinda cane Ibiza.
Ntibikenewe kwirigwa uraja ku kigo kijejwe gucunga ibiza kugira ngo urungike gusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA. Kurungika gusaba ubufasha utiriwe uraja ku kigo kibijejwe, terefona kuri 800-621-3362, ja ku rubuga ngurukana bumenyi kuri DisasterAssistance.gov; canke manura porogarama y'Ikigo FEMA . Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS) ,serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uriko urasaba.
FEMA is committed to ensuring disaster assistance is accomplished equitably, without discrimination on the grounds of race, color, religion, nationality, sex, age, disability, English proficiency, or economic status. Any disaster survivor or member of the public may contact the FEMA Civil Rights Office if they feel that they are the victim of discrimination. FEMA’s Civil Rights Office can be contacted toll-free at 833-285-7448. Multilingual operators are available.
FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari