Ikigo gicunga ibiza (FEMA) giha abarokotse uburyo bwinshi bwo kurondera ubufasha

Release Date:
July 31, 2023

Imfashanyo zirahari kugira ngo zifashe abantu bafise amazu canke imitungo yabo vyononekaye kubera imiyaga ikabije, umwuzure, kugwa kw’imisozi n'ibihuhusi vyabaye mu micungararo icenda: Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham na Windsor.

Ikigo FEMA ni ishirahamwe, riha abarokotse uburyo bwinshi bwo gusaba ubufasha no gukorana n’umuntu userukira FEMA ku bibazo vyabo.

Uburyo bwo gusaba:

Gusaba ubufasha bw’ibiza, abarokotse barashobora:

  • Ja ku rubuga DisasterAssistance.gov;
  • Shiramwo iporagaramu ya FEMA mobile app uyirondere mu bubiko bwa Apple App Store canke Google Play Store; 
  • Telefone kuri nimero itishurwa y’Ishirahamwe FEMA kuri 800-621-3362; gusigura indimi birakorwa. Niwaba ukoresha serevise yerekana amasanamu (VRS), Serevise ya Telefone yo kwandika ubutumwa canke izindi, ha ishirahamwe rishinzwe imicungire y'ibiza (FEMA) inomero yawe ijanye n’iyo serevise mu gihe uriko urasaba; canke

 

  • Ja ku Kigo kijejwe imicungire y’ibiza na FEMA wivuganire n’ubijejwe imbonankubone, ikigo kijejewe ubufasha bw’ubudandaji, igihe bariko barabagenderera mu gace utuyemwo no ku Kigo kijejwe gukora ibintu vyinshi kiri mu micungararo yagizweko ingaruka.

 

Raba amasanamu yerekana ingene wosaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, ja kuri youtube.com/watch?v=WZGpWI2RCNw.

Nimba uba mu micungararo itarategekanijwe kuronka ubufasha kandi ufise ivyononekaye urashobora guhamagara kuri telefone y’Ikigo FEMA kuri 1-800-621-3362 kugirango usabe kandi namba uduce ubarizwamo twemerewe kuronka imfashanyo, gusaba kwawe kuzotangura gukogwa.

 Ibigo bijejwe gucunga ibiza (DRC)

Ibigo bijejwe gucunga ibiza (DRC):

  • Ibigo bijejwe gucunga ibiza biratanga ubufasha bw’umuntu ku giti ciwe na ba nyene ubudandaji butoya. Abahinga bajejwe itangwa ry’imfashanyo bava mu Kigo FEMA, mu Burongozi bwa Amerika bujejwe ubudandaji buto buto(SBA), hamwe n’ibindi bintu vy’inyongera birahari kugira bifashe abarokotse kurondera ubufasha, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi inyandiko zikenewe no gusubiza ibibazo. 
    • ASA Bloomer Building, 88 Merchants Row, Rutland, VT 05701 
    • Waterbury Armory, 294 Armory Drive, Waterbury, VT 05676
    • Barre Auditorium, 16 Auditorium Hill, Barre, VT 05641
    • Flood Brook School, 91 Vermont–11, Londonderry, VT 05148
    • Twinfield Union School, 106 Nasmith Brook Road, Plainfield, VT 05667
    • Hours for all: 8 a.m. to 7 p.m. daily.

 

  • Ibigo bitanu vyo gufasha birafunguye mu micungararo ya Rutland, Washington na Windham. Biri:
  • Aho ibigo bijejewe imfashanyo biri n’amasaha y’akazi wobisanga ngaha :DRC Locator (fema.gov/drc).

Ibigo birashobora:

  • Gutanga ubufasha mu ntumbero yo kuzuza igikorwa co gusaba;
  • Gushiramwo amakuru mashasha y’umuntu yarokotse ukeneye gufashwa;
  • Gufasha gutanga izindi nyandiko mu Kigo FEMA;
  • Gutanga serevisi zo kohereza mu mashirahamwe akorera ubushake atanga serevisi zitandukanye ku barokotse; no
  • Gufasha uburyo bwo kubona Uburongozi bujejwe ubudandaji butoya muri Amerika kugirango babone ubufasha bw’ingurane na serevisi z’abakiriya.

 

Ibigo bikora ibintu vyinshi (MARCs):

Ikigo gikora ibintu vyinshi (MARC) ni amashirahamwe ya Reta n’ay’abikorera utwabo yihurije ahantu hamwe kugira afashe abahuye n’ibiza. Ibigo bikora vyinshi birafashanya.

Aho ibigo bikorera n’amasaha y’akazi murashobora kubiraba kuri: https://vem.vermont.gov/flood/marc

Ikigo kijejwe gutanga imfashanyo y’abarokotse ibiza (DSA): 

Abakozi b’umurwi DSA baratemberera mu duce abantu babamwo muri Vermont, baganira n’abantu kandi banafasha abo ivyabo vyononwe n’igihuhusi kurungika gusaba ubufasha.

Abakozi b’umurwi DSA baratemberera imiryango, amashure, amashirahamwe adaharanira inyungu hamwe n’imiryango itagira amikoro. Barabonana kandi n’abarongoye uburere hamwe n’abarongoye imiryango kugira bamenye ibibazo bijanye n’ibiza hamwe n’ivyankenerwa bindi bitarashikirwa.

Imirwi ya DSA irashobora gufasha abarokotse kwiyandikisha m’ubufasha,gushira ku gihe ibiberekeye no gufasha bisunze ibigo bindi vy’abagiraneza. Abakozi ba DSA bambara ibaje y’Ishirahamwe FEMA iriko ifoto yabo.

Uburongozi bw’ubudandaji buto buto muri Amerika (SBA):

Uburongozi SBA bwarafunguye ibigo bijejwe gufasha mubijanye n’ubudandaji (BRCs) mu micungararo itatu kugira bafashe ba nyene amazu, abapanga, ubudandaji bw'ubwoko bwose ndetse n'amashirahamwe adaharanira inyungu bakeneye ubufasha bwo gusaba ingurane ya SBA y'ikiringo kirekire, yunguka inyungu nkeya:

  • Washington County: 751 Granger Road Berlin, Vermont 05641 
  • Windsor County: 126 Main Street Ludlow, Vermont 05149 
  • Lamoille County: 29 Sunset Drive, Morrisville, VT 05661

Kuraba ahantu n’amasaha y’akazi ja kuri :www.sba.gov/article/2023/07/17/sba-offers-disaster-assistance-businesses-residents-vermont-affected-recent-severe-storms-flooding

Kuraba amakuru agezweko raba ja kuri fema.gov/disaster/4720. Ja ku rubuga “the FEMA Region 1”  Kuri Twitter twitter.com/FEMARegion1 canke kuri  ariyo facebook.com/FEMA.

Kuraba  amakuru agezweko y’Ikigo co gucunga Ibiza ca Vermont ja kuri Twitter kuri twitter.com/vemvt  na Facebook kuri facebook.com/VermontEmergencyManagement

Ikigo FEMA ciyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ikigo FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rurashobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.

 

Tags:
Last updated