Imfashanyo y’Ikigo FEMA ntizogira ico ihindura ku zindi mfashanyo

Release Date:
August 1, 2023

Kwiyandikishiriza mu kurondera imfashanyo y’Ikigo FEMA igenewe abasinzikajwe n’ibiza ntibizogira ico bihindura ku zindi mfashanyo za Reta.

Imfashanyo itangwa na FEMA ntabwo irihwirwa ikori, kandi urashobora kuzemera utagabanije canke ugakuraho imfashanyo zose za Reta canke z'intara ugenewe ubu nyene. Muri ivyo harimwo ibijanye n'umutekano, ubufasha bwo kwivuza muri Medicare na Medicaid, hamwe n'izo uronka biciye muri Reta ya Vermont, harimwo n'umugambi wo gufasha imfungurwa (SNAP) hamwe n’umugambi  “Reach Up” wo gufasha imiryango ikenye kuronka  akazi, canke imfashanyo y'igihe gito ku miryango ikenye.

Nimba washikiwe n'imyuzure mu gisagara ca Caledonia, Chittenden, Lamoille, Orange, Orleans, Rutland, Washington, Windham na Windsor, FEMA ishobora kugufasha kuriha amahera warishe bitewe n'ibiza atarebana n'ubwishingizi canke ubundi buryo bwo kuronka amahera. Menya vyinshi canke gusaba, ja kuri DisasterAssistance.gov, shiramwo iporgarama FEMA App canke terefona kuri 800-621-3362. Ubusiguzi bw’indimi burakorwa; Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS), serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ishirahamwe FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uriko urasaba.

Kuraba amakuru agezweko yerekeye imfashanyo yagenewe umucungararo wa Vermont, raba fema.gov/disaster/4720. Kurikira urukuta rwa twitter rwa FEMA  Region 1 kuri twitter.com/FEMARegion1, paji ya Facebook kuri  facebook.com/FEMA , canke ikigo kijejwe gucunga Ibiza cya Vermont kuri Twitter kuri twitter.com/ vemt no kuri Facebook uciye kuri facebook.com/vermontemergencymanagement.

 

FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.

Tags:
Last updated