Williston, Vt. - Nimba uba i Caledonia, Essex, canke mu ntara ya Orleans hama ukaba wagizweko ingaruka n'ikirere kibi kuva kw'igenekerezo rya 29 gushika ku rya 31 Mukakaro 2024, urashobora kuronka imfashanyo ya FEMA uwo mwanya mu gihe usavye infashanyo y'ibiza.
Wewe ca unyarukira kuri kimwe mu bigo bijejwe gufasha abononewe n'ibiza (DRCs) biri hepfo hama uwuhagarariye FEMA azoca akwereka ingene basaba. DRCs ziba zuguruye Kuwambere - Kuwagatandatu, isaha 9:00 z'agatondo - isaha 6:00 z'umuhingamo.
Waterbury Armory
294 Armory Drive
Waterbury, Vermont 05676
Lyndon Public Safety Facility
316 Main Street
Lyndonville, Vermont 05851
Brighton Town Hall Gym
49 Mill Street
Island Pond, Vermont 05846
Hinesburg Town Hall
10632 Route 116
Hinesburg, Vermont 05461
Urashobora kunyarukira kuri DRC kugira umenye vyinshi bijanye n'ubufasha buhabwa abononewe n'ibiza. Woshobora kandi kuronka ubufasha bwo gukora ibi bikurikira:
- Gusaba ubufasha.
- Menya uko ubusabe bwawe bwa FEMA buhagaze.
- Tahura amakete yose uronswa na FEMA.
- Rondera amakuru ajanye n'inzu n'ubufasha bwo kwishura aho kuba.
- Ronka inyishu z'ibibazo canke ibibazo vyaronkewe inyishu.
- Nuce uja ku bigo bishobora gutanga iyindi nfashanyo.
- Menya vyinshi kuri gahunda zijanye n'ingurane z'ubudandazi butoyi (SBA).
Hari ubundi buryo butatu bwo gusaba infashanyo y'ibiza: Genda kuri interineti kuri DisasterAssistance.gov, hamagara abajejwe gufasha ba FEMA kuri 800-621-3362, canke uce ukura kuri interineti apurikasiyo ya FEMA ija mu iterefoni.
Ku yandi makuru ajanye na DRCs, raba fema.gov/drc.
Kugira urabe ividewo ivuga ingene wosaba, hamwe n'ururimi rw'ibimenyetso rw'Abanyamerika, raba FEMA accessible: Kwiyandikisha mu mfashanyo (youtube.com).
Ku makuru aheruka raba 4826 | FEMA.gov. Kurikira FEMA kuri X (Twitter) kuri https://x.com/femaregion1 no kuri facebook.com/fema.