WILLISTON, Vt. – Ikigo kijejewe gucunga ibiza (DRC) cugurura isaha zibiri zo mu gatondo (8h00 a.m) muri Barton mu micungararo ya Orleans kw’igenekerezo rya 3 ukwezi kwa Myandagaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure, bagafashwa guhangana n’inkurikizi zayo, Ikigo kijejwe gucunga ibiza (DRC), gihurikiye hamwe, ikigo cashyizweko mu kiringo gitoya ku bufatanye bw’imicungararo ya Barton, Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza (FEMA), bizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese.
Ikigo ca Barton kiri kuri:
17 Village Square
Barton, VT 05822
Ibigo vyamaze kugururwa kuri:
Twinfield Union School
106 Nasmith Brook Road
Plainfield, VT 05667
Waterbury Armory
294 Armory Drive
Waterbury, VT 05676
ASA Bloomer Building
88 Merchants Row, Suite 330
Rutland, VT 05701
Barre Auditorium
16 Auditorium Hill
Barre, VT 05641
Flood Brook School
91 VT-11
Londonderry, VT 05148
Ibigo vyose bikora iminsi 7 igize indwi: kuva isaha zibiri z’agatondo (8h00) gushika isaha imwe z’ijoro (7.00).
Ibigo vyose birashobora gushikirwa n’abantu bafise ubumuga bakaronka ibikoresho biteye imbere mu vy’ubuhinga bwa none bibafasha. Nimba ukeneye ubundi bufasha canke ukeneye umusiguzi w’ururimi hakoreshejwe ibimenyetso ushobora guhamagara kuri telefone 1-833-285-7448 (fyonda 2 ku rurimi rw’iki Esupanye).
Abaserukizi bavuye m’ubuhagarikizi bw’urudandaza rutoruto bwa Amerika nabo nyene bazoba bari muri co kigo basigura ukuntu basaba ingurane igenewe abasinzikajwe n’ibiza yunguka inyungu nto ya SBA kubasanzwe bafise inzu zabo, abapanze amazu,abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu, no gutanga insiguro zijanye no kwubaka gushasha kugira ngo inyubakwa zirushirize kurinda cane ibiza.
Ntibikenewe kwirigwa uraja ku kigo kijejwe gucunga ibiza kugira ngo urungike gusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA. Kurungika gusaba ubufasha utiriwe uraja ku kigo kibijejwe, terefona kuri 800-621-3362, ja ku rubuga ngurukana bumenyi kuri DisasterAssistance.gov; canke shiramwo porogarama y'Ikigo FEMA . Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS), serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uriko urasaba.
FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora guhamagara Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.