Ikigo c’Ishirahamwe FEMA kijejwe gufasha abasinzikajwe n’ibiza catanguye gukorera muri Londonderry

Release Date Release Number
012
Release Date:
July 28, 2023

Ikigo kijewe gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Londonderry kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont basinzikajwe n’imyuzurira bagafashwa guhangana n’inkurikizi zayo, Ikigo kijejwe gufasha, gihurikiye hamwe, ikigo cyashyizweho mu kiringo gitoya  ku bufashanye bw’imicungararo ya Londonderry,  Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, kizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe  no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese.

Ikigo ca Londonderry kiri:

Flood Brook School
91 Vermont – 11
Londonderry, VT 05148

Ibigo vyomaze gutangura kuri:

Waterbury Armory
294 Armory Drive
Waterbury, VT 05676

ASA Bloomer Building
88 Merchants Row
Rutland, VT 05701

Barre Auditorium
16 Auditorium Hill
Barre, VT 05641

Vyose bikora iminsi 7 igize indwi, kuva isaha zibiri z’agatondo (8h00) gushika isaha imwe z’ijoro (7.00).

Ibigo vyose birashobora gushikirwa n’abantu bafise ubumuga n’ibindi vya nkenerwa kugira ngo bashobore kugera ku rugero rwo gukora akazi kandi bahabwa ibikoresho biteye imbere mu vy’ubuhinga bwa none. Nimba ukeneye ibikoresho bifasha gukora akazi canke ukeneye umusiguzi w’ururimi hakoreshejwe ibimenyetso urashobora guhamagara kuri telefone 1-833-285-7448 (fyonda 2 ku rurimi rw’iki Esupanye).

Abaserukizi bavuye m’ubuhagarikizi bw’urudandaza rutoruto bwa Amerika nabo nyene bazoba bari muri co cigo basigura ukuntu basaba ingurane yunguka inyungu nto igenewe abasinzikajwe n’ibiza ya SBA kubasanzwe bafise inzu zabo, abapanze amazu,abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu, no gutanga insiguro zijanye no kwubaka gushasha kugira ngo inyubakwa zirushirize kurinda cane Ibiza.

Ntibikenewe kwirigwa uraja ku kigo kijejwe gufasha kugira ngo urungike gusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA. Kurungika gusaba ubufasha utiriwe uraja ku kigo kibijejwe, terefona kuri 800-621-3362, ja ku rubuga ngurukana bumenyi kuri DisasterAssistance.gov; canke manura porogarama y'Ikigo FEMA . Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS) ,serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe usaba.

FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.

Tags:
Last updated