IBIGO VY’IKIGO FEMA BIJEJWE GUCUNGA IBIZA VYUGURUWE MURI BARRE [https://www.fema.gov/rn/press-release/20230727/fema-disaster-recovery-center-opens-barre] Release Date: July 27, 2023 WILLISTON, VT. – Ikigo cyo gucunga ibiza kizokwugurugwa muri Barre isaha zibiri kw’igenekerezo rya 27 ukwezi kwa Mukakaro kugira bifashe abatuye mu gace ka Vermont bahuye n’imyuzure bagafashwa guhangana n’inkurikizi zavyo, Ikigo kijejwe gucunga Ibiza, gihurikiye hamwe, ikigo cyashyizweho mu kiringo gitoya  ku bufashanye bw’imicungararo ya Barre,  Reta ya Vermont n’Ikigo co gucunga ibiza FEMA, kizofasha abarokotse mugusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA, gushira ku mbuga ngurukanabumenyi impapuro zikenewe kugira ngo basabe  no kwishura ibibazo kuri buri umwe wese. IKIGO CA BARRE KIRI: Barre Auditorium 16 Auditorium Hill Barre, VT 05641 IBIGO BYAMAZE GUTANGURA KURI: Waterbury Armory 294 Armory Drive Waterbury, VT 05676 ASA Bloomer Building 88 Merchants Row, Suite 330 Rutland, VT 05701 GIKORA 7/28: Flood Brook School 91 Vermont – 11 Londonderry, VT 05148 IBIGO VYOSE BIKORA  IMINSI 7: KUVA ISAHA ZIBIRI Z’AGATONDO (8H00) GUSHIKA ISAHA IMWE Z’IJORO (7.00). Ibigo vyose bishobora gushikirwa n’abantu bafise ubumuga n’ibindi vya nkenerwa kugira ngo bashobore kugera ku rugero rwo gukora akazi kandi bahabwa ibikoresho biteye imbere mu vy’ubuhinga bwa none. Nimba ukeneye ibikoresho bifasha gukora akazi canke ukeneye umusiguzi w’ururimi hakoreshejwe ibimenyetso ushobora guhamagara kuri telefone 1-833-285-7448 (fyonda 2 ku rurimi rw’iki Esupanye).  Abaserukizi bavuye m’ubuhagarikizi bw’urudandaza rutoruto bwa Amerika nabo nyene bazoba bari muri co cigo basigura ukuntu basaba amadeni y’unguka inyungu nto itavuna ya SBA kubasanzwe bafise inzu zabo, abapanze amazu,abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu, no gutanga insiguro zijanye no kwubaka gushasha kugira ngo inyubakwa zirushirize kurinda cane Ibiza. Ntibikenewe kwirigwa uraja ku kigo kijejwe gucunga ibiza kugira ngo urungike gusaba ubufasha bw’Ikigo FEMA. Kurungika gusaba ubufasha utiriwe uraja ku kigo kibijejwe, terefona kuri 800-621-3362, ja ku rubuga ngurukana bumenyi kuri DisasterAssistance.gov [http://www.disasterassistance.gov]; canke manura porogarama y'Ikigo FEMA [https://www.fema.gov/about/news-multimedia/mobile-products] . Nimba ukoresha serevise yerekana amasanamu(VRS) ,serevise ya telefone yo kwandika amajambo canke izindi, ha Ikigo FEMA inomero yawe ukoresha kuri iyi serevise mu gihe uri gusaba. FEMA yiyemeza guharanira ko ubufasha bw'abahuye n'ibiza bukorwa neza nta vangura rishingiye ku bwoko, ibara ry'urukoba, ubwenegihugu, igitsina, imyaka, ubumuga, ubumenyi bw'Icongereza, canke ingano y'ubukungu. Umuntu wese yarokotse ibiza canke umunyagihugu ashobora kwakura Urwego rw’ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bwa muntu iyo yumva ko yakorewe ivangura. Urwego rw’Ishirahamwe FEMA rujejwe uburenganzira bw’ikiremwa muntu rushobora guhamagarwa kuri telefone itishurwa kuri 833-285-7448. Abakira abantu mu ndimi nyinshi barahari.